Scroll to Top

Ishirahamwe Regideso riramutswa umuyobozi mukuru mushasha

By La Rédaction / Published on Wednesday, 13 Jun 2018 05:41 AM / /

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi meza n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru ryaraye rironkejwe umuyobozi mukuru mushasha agiye gusbirira umuyobozi mukuru Jeroboam Nzikobanyanka yahora aramutswa iryo shirahamwe.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 12 Ruheshi umwaka w’2018 niho haba ibirori vy’ukubisikanya hagati y’umuyobozi mukuru Jeroboam Nzikobanyanka yahora aramutswa ubuyobozi bw’iryo shirahamwe Regideso hamwe n’umuyobozi mukuru mushasha agiye kubandanya ayobora iryo shirahamwe Simeon Habonimana.

Hambavu y’iryo bisikanya ry’umuyobozi mukuru wa Regideso yahahora hamwe na mushasha yaraye yinjiye, harabaye kandi ibisikanya hagati y’umuyobozi Nzinahora Anatole hamwe n’umuyobozi Thérèse Muyuku (yahora ari “Directeur de Ressources Humaines) muri Regideso  nyene.

6,551 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment