Scroll to Top

Cheby Warren aratera akamo abavyeyi bari ku mugabane wa bulaya [Interview].

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 13 Jun 2018 14:07 PM / /

Kuri uno wa gatatu, igihe igihe c’isaha indwi z’umurango niho, umukinyi w’umurundi afise aubwenegihugu bw’igihugu c’Ubwongereza Brandon Cheby yashika hano mu Burundi, aho aje kwifadikanya n’umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, mu gutegura inkino z’igikombe ca Afrika.

Aherekejwe n’umuvyeyi wiwe Warren Cheby nawe asanzwe aba mu gihugu c’ Ubwongereza, uyo musore w’imyaka 18, akaba yakiriwe n’abakunzi b’intamba mu rugamba hamwe n’abamenyeshamakuru batari bake, tutibagiye umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20.

Mw’ijambo ry’umuvyeyi yafashe imbere y’abanditsi n’abamenyeshamakuru, Warren Chebby yateye akamo abandi bavyeyi bari hanze y’igihugu,  bafise abana bakina mu migwi yo mu bihugu vya bulaya, kureka abo bana nabo bakaza gufasha igihugu c’Uburundi kuko ari co cabirutse.

Tumwumvirize:

6,664 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment