Scroll to Top

Joslin Bipfubusa ati :” Ni akunguko gakomeye kwakira umukinyi nk’uyu mu mugwi wacu.[Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 13 Jun 2018 14:32 PM / /

Mu gihe yari aramutse yakira umukinyi   Brandon Chebby avuye mu gihugu c’Ubwongereza, umumenyereza w’intamba mu rugamba ku bakinyi batarenza imyaka 20, Joslin Bipfubusa yamenyesheje ko ari umunezero kuri we kwakira uyo mukinyi.

Kabaye n’akaryo ko kumenyesha ahavuye iciyumviro c’ukuzana uyo musore, aho yashimiye umuvyeyi wiwe yabigizemwo uruhara rukomeye cane. Joslin Bipfubusa akaba yamenyesheje ko agiye kumushira hamwe n’abandi bakinyi kugira arabe aho azomukinisha.

Bipfubusa akaba yongeye amenyesha ko Uburundi bwiteguriye bikomeye igihugu ca Zambia, bazokina mu kwezi kwa Mukakaro, mu rukino rwanyuma ruzotanga itike y’ukuja mu gikombe ca Afrika c’imigwi y’abatarenza imyaka 20, kizobera muri Niger.

Tumukwirikirane:

7,486 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment