Scroll to Top

#Indundi Sports| Uyu niwe mumenyereza mushasha wa Real Madrid

By La Rédaction / Published on Thursday, 14 Jun 2018 02:34 AM / /

Umugwi Real Madrid umaze kwerekana icese umumenyereza mushasha azosubirira Zinedine Zidane uyo nawe akaba yitwa Julen Lopetegui yarahoze ari umumenyereza w’umugwi wa Espagne.

Julen PoteLopetegui inyuma yo gusinyishwa kuba umumenyereza wa Real madrid haciye umusi umugwi wa Espagne waciye umuhagarika kuwumenyereza ngo kuko yoba yagiye kugirana amasezerano na Real madrid atababwiye uburongozi bw’umugwi wa Espagne.

Juen Lopetegui Argote akaba afise imyaka 51 yavutse mu kwezi wa Myandagaro igenekerezo rya 28 umwaka wa 1966 akaba afise ubwene gihugu bwa Espagne.

Yigeze kuba umukinyi wa Real Madrid akaba yakina mw’igori yatanguriye gukina mu mugwi wa Real Sociedad.

Akaba yakiniye Real Madrid mu mwaka wa 1985 hamwe na 1991 akaba yarakinye urukino rumwe gusa mu mugwi mukuru.

Yaratijwe mu mugwi Palmas mu nyuma akagurishwa mu mugwi Logrones.

Mu mwaka wa 1994-19997 yigeze kugurwa mu mugwi Fc Barceloba akaba yakinye inkino zitanu akaba yararangije ivyo gukina umupira wa maguru mu mugwi Vellecano mu mwaka wa 1997-2002.

. Yamenyereje umugwi wa Espagne wa batarenza imyaka 17 na 20 hamwe na 21 kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu mwaka wa 2014.

Mu mwaka wa 2014 yagiye kumenyereza Umugwi wa Porto Fc muri uyo mugwi akaba yaraguze abakinyi bagera kuri Indwi (7) ariko nta musaruro mwiza yatanze bituma bamuhagarika muri uyo Mugwi.

Muri uku kwezi kwa Mukakaro igenekerezo rya 12 umwaka wa 2018 akaba ariho yerekanywe icese nk’umumenyereza mushasha wa Real Madrid inyuma ya Zinedine Zidane gutanga imihoho.

5,785 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment