Scroll to Top

Dudu abakanguriye kurondera urukurikirane rushasha rwa Apollinaire

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 14 Jun 2018 02:20 AM / /

Dudu Niyukuri Ntiyahishije akanyamuneza afise kubera amajambo yumvikana muri zimwe mu ndirimbo z’urukurikirane “Muri wewe ” rwa Apollinaire Habonimana.

Dudu Niyukuri abicishije Ku rubuga rwa Facebook avuga ko urukurikirane rw’indirimbo “Muri Wewe” rwa Apolinaire Habonimana ruriko ruramuhezagira muri kino gihe.

Dudu Niyukuri akaba yasavye abantu bamukurikirana nabo nyene kurondera urwo rukurikirane ngo bahezagirwe nkawe. Aho akabasaba kutagura izindi CD Atari Original yayo, kugira bashigikire ico gikorwa n’umukozi w’Imana.

Dudu ntiyahengeshanije guca yikora mu gahogo, aririmba imwe muri izo ndirimbo zamukoze ku mutima.

Muri iyo Video, Dudu yatanze Impanuro, asaba ko uwoyigura atokwumviriza umudiho w’indirimbo, ahubwo yokwumviriza amajambo arimwo.

Yaba we yaba abagize ico bashikiriza kuri izo ndirimbo gushika ubu ziboneka Ku rubuga rwa Amazon, bashimangiye ubwiza bwazo.

Mwokwibuka ko urwo rukurikirane ruharurwa mu nkurikirane nke zisohoka abantu bazinyoteye. Igituma nuko ngo zisohoka zujuje ibisabwa, haba mu buryo bw’umuziki canke mu buryo bw’amajambo.

7,228 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment