Scroll to Top

Christiano Ronaldo ashobora gukina igikombe c’isi ciwe ca nyuma

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 14 Jun 2018 03:57 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi Real madrid akaba ari na kizigenza w’umugwi wo muri Portugal Christiano Ronaldo ashobora gukina igikombe c’isi ciwe ca nyuma ari kumwe n’umugwi nserukira gihugu wa Portugal.

Gushika muri kino gihe Christiano Ronaldo afise imyaka 33 y’amavuko igikombe c’isi kizokurikira uyo mukinyi azoba afise imyaka 37.

Mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose Christano Ronaldo afata ikibanza ca gatatu mu bakinyi ba Portugal bafise ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi yose.

Uwitwa Eusebio niwe wa mbere afise ibitsindo 9, Pauleta agakurikira n’ibitsindo 4, Christiano Ronaldo akaba afise ibitsindo 3 co kimwe na Jose Augusto hamwe na Torres.

Itandukaniro rihari hagati ya Christiano Ronaldo hamwe n’abandi n’uko yatsinze inkino zitatu zitandukanye z’igikombe c’isi aho twovuga nko mu mwaka wa 2006, 2010, 2014 hamwe n’ubu muri uyu mwaka w’2018 aracashaka kwandikisha ayandi mateka asumba, Pele hamwe na Klose.

Christiano Ronaldo ayo mateka yandi ashaka kuyandikisha mu rukino rw’igikombe c’isi ruzohuza umugwi nserukira gihugu wa Portugal hamwe na Espagne kuri uyu w’Imana.

11,263 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment