Scroll to Top

Umurwi ”Les jumeaux” uriko uratera imbere

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 14 Jun 2018 04:21 AM / /

Umurwi w’abaririmvyi  bita Les jumeaux  usanzwe ukorera umuzikimu gihugu gisagara ca Bujumbura uriko uratera imbere muri ino misi .

Nkuko vyemezwa n’umwe mu bawufata mu mugongo Samwuel Ndayiragije ngo uyo murwi waboneye izuba  mu bigo vya kaminuza y’Uburundi muri Campus Kiriri mu mpera z’umwaka w’2014.

Wangujwe na  Bazishaka Donatien benshi bazi kw’izina rya Mr  Polite ari kumwe  n’uwitwa Nduwayezu Blaise benshi bazi kwizina rya N.Blez maze bahuriza ku ciyumviro co gushinga umugwi wo gutanga ubutumwa biciye mu ndirimbo.

Muri ino minsi uyo mugwi uteramisha abantu mubiteramo  Karaoké.Abawugize ngo bariteguriye cane ihiganwa ry’abarundi baba mu mahanga ‘’ diaspora’’ ry’indirimbo zo guhayagiza Uburundi no guha ikaze abarundi baba mu mahanga mu gihugu c’amavukiro cabo (Uburundi).

Twokwibutsa ko abarundi baba mu mahanga bazohurira ngaha i Bujumbura mu kwezi  kw’indwi nkuko bimenyeshwa n’ubuserukizi bw’Uburundi i Washington.

 

13,439 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment