Scroll to Top

Hagati ya Big Fizzo na Sat-b ngo nta kigenda

By KING YANN COOL / Published on Friday, 15 Jun 2018 13:24 PM / /

Mu gihe bizwi ko abaririmvyi Big Fizzo na Sat-b ata kibazo bafitanye, umwe muribo yamenyesheje ko vyukuri ata kigenda ngo naho bose basiga amavuta umubano wabo.

Sat-b mu kiganiro kuri Buja Fm , yabwiye abamenyeshamakuru ko ivy’uko hagati ya yiwe na Big Fizzo ibintu vyifashe neza, ngo ari ububeshi. Aho akavuga ko bashima kuvuga mu mvugo y’uguhumuriza ngo ntihagire uwubigiramwo.

Kubwa Sat-b ngo ababiraba baramaze kubibona kuko ku mbuga ngurukanabumenyi bakoresha ngo ntibasiba gusotorana, aho agatanga akarorero k’urubuga nka Twitter.

Imisi mikeya imbere Big Fizzo nawe nyene bari baheruka kumubaza kuri iyo nsamirizi nyene nimba uwo muririmvyi bafitanye ikibazo, akaba yishuye ko ico kibazo bokibaza Sat-b kuko ngo ku ruhande rwiwe ngo yarihanye ku kibazo c’ama Beef ngo iyo yakoze n’imwe gusa nta zindi zihari.

25,093 total views, 0 views today

Add Comment