Scroll to Top

Big Fizzo yavuze ivyamubayeko atazopfa yibagiye

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 14 Jun 2018 08:03 AM / /

Naho afise ivyatazopfa yibagiye vyamubayeko muri kahise mu bijanye n’ubuzima bw’umuziki, Big Fizzo avuga ko yatanguye kubona akarusho mu muziki.

Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo avuga ko afise ibintu bitandukanye vyamubayeko mu buzima bw’umuziki atazopfa yibagiye. Murivyo akaba avugamwo ibihe vy’ibiteramo aho bataha zirayoye nk’abavuye kuragirira ba inarume.

Uwo mwanditsi w’indirimbo zitari nke zirimwo Tu Me Manque, What’s My Name n’izindi, avuga ko aho hambere hahise haraho baja mu biteramo ariko bagataha batarishwe, bakababwira ko ngo borindira uwundi musi ngo bikunde babahe agahembo kabo.

S’ico gusa, kuko Big Fizzo avuga ko n’udufaranga tw’ukwiyunguruza haraho ataduhabwa noneho ngo agafata akayira n’amaguru canke agasaba abaje kuraba ico giteramo kumwunguruza.

Ariko naho biruko, Papa Keza akavuga ko haheze imyaka ishika kuri 6 atanguye kubona akarusho muri ico gikorwa ciwe c’ukuririmba. Ivyo Papa Tresor akaba yabiyagiye bagenzi bacu bakorera insamirizi Buja Fm.

19,300 total views, 0 views today

Add Comment