Scroll to Top

Titus arasigura indirimbo “Wari ikiroroge” n’ico yafatiyeko mu kuyandika

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 14 Jun 2018 09:36 AM / /

Indwi ibaye iya 2 umuririmvyi Titus mu karirimbo kiwe wari ikiroroge abaye uwa mbere muri Top5 yama isohoka buri ndwi, uwo muririmvyi twashatse kumenya ico avuga kuri iyo ndirimbo.

 

Twashatse kumenya muri make ico yovuga bamusavye gusobanura iyo ndirimbo mu nca make. Uwo muririmvyi asanzwe yiga muri kamenuza y’Uburundi yayisobanuye ayirabisha mu rukundo n’umukobwa ariko urukundo rutagenze neza, kuko uko ku mutima hasa atariko ku mubiri hasa.

Yagize ati :” Ubwambere ikiroroge ni ijambo risigura vyinshi bivanye n’intara umuntu avamwo ariko jewe uko ndarizi ni umwana w’umwigeme akiri muto hagati y’imyaka 3-8 afise amagara meza cane abereye ijisho mu gisagara benshi babita *IBIBAJU.  So jewe naririmvye umukobwa afise ubwiza bugereranwa n’umwana w’ikiroroge(ikibaju) nukuvuga naramukunze nawe afyinisha umutima wanje arambesha ntiyankunze nubwo yaboneka neza uko yigenjeje vyatandukanye nubwiza bwiwe.”

S’aho gusa kuko muri ico kiyago yadusubije muri kahise aho abasore batari bafise uruhusha rwo gucagura umutambukanyi, kandi ico gihe ngo urukundo rwararama, ariko ubu bicagurira, abakinisha urukundo n’umurengera.

“Mubihe vya Ba sogokuru abasore barabarehereza bakubaka rukaguma ariko urunganwe gwacu gwo muribi bihe rurirehereza ariko urukundo ntirurame kenshi usanga imitima ifyinishwa cane nanje bikambabaza bituma nandika ko kizira gukinisha umutima wagukunze na cane cane ndavye ukungene uyo mukobwa yari mwiza ariko akigenza nabi murukundo”.

Uwo mwanditsi w’ako karirimbo ikiroroge, avuga ko ako karirimbo yakanditse igihe kitari gito, igituma ngo nuko yafashe akanya ko kuja guhanuza abakurambere, bamurabire amajambo yakoresheje mu ndirimbo yiwe, bibaye ngomwa bamuhe ayameze neza.

“Igihe vyafashe kingana n’amezi 3 kugira amajambo yose agize indirimbo akosorwe kuko narahanuje abakurambere na cane cane mumajambo arimwo hanyuma indirimbo iza gufita akanovefa uko imeze.”

Mwomenya ko Titus ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bari mu runganwe rushasha rw’abaririmvyi bariko bararuka muri kino gihe muri uwo muryango udasiba kwaguka.

 

24,214 total views, 0 views today

Add Comment