Home abakinyi bakina hanze Indundi sports | Gonzalo Higuain yaguzwe na Chelsea bicopesheje

Indundi sports | Gonzalo Higuain yaguzwe na Chelsea bicopesheje

Umugwi Chelsea waguze ku mukopo umusatirizi w’umugwi Juventus Gonzalo Higuain imukura muri AC Milan aho yari yatijijwe.

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 24 Nzero umwaka wa 2019 niho umugwi Chelsea wo mu bwongereza wagura umusatirizi w’umugwi Ac Milan aho naho akaba yari yahatijijwe na Juventus .

Juventus rero ikaba ariyo yamutije Ku mugwi Chelsea bikanavugwa ko ashobora kugurwa Burundu na Chelsea Ku mafaranga y’ama Paundi angana n’imiriyoni 3 mbere arashobora kwongerezwa n’amasezerano yo gukinira Chelsea gushika mu mwaka wa 2020 .

Higuain akaba asanzwe afise imyaka 31 y’amavuko akaba afise ubwene gihugu bw’umugwi wa Argentine , akaba yarakiniye Ac Milan igice c’ihiganwa no kubatsindira ibitsindo 8 mu nkino 22.

Facebook Comments

Most Popular

Umurwi CENI ngo ugiye kwakira ivyegeranyo vy’utunenge twabaye mu matora

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora Pierre Claver Kazihise amenyesha y’uko abantu nka bose bari barungitswe kurorera amatora aheruka kuba kuwa 20 Rusama 2020...

Ngozi-Kayanza : Abarimyi b’ikawa baridogera abajejwe amatonorero

  Abarimyi b'ikawa bo mu ntara za Ngozi na Kayanza baridoga ko inyuma y'isaha icumi na zibiri z'umugoroba (18h00) badasubira kubakirira ikawa bagaca baja kuzisyera...

BDUSA : Samuel Ndayiragije yoba yarakombowe koko?

Mu kiganiro abaramutswa ishirahamwe BDUSA, bakoranye na Raphael Biko umumenyeshamakuru yigenga, baratanga umuco kw'ibomborabombora riri muba nyeshirahamwe muri kino gihe. Uwahawe ijambo ubwa mbere akaba...

Jumaine urugero rw’abakinyi biwe rwaragabanutse

Inyuma yo kunganiriza i Bujumbura Ku kibuga c'intwari n'umugwi wa Inter Star 0-0, mu rukino rw'igice ca kabiri gishira icanyuma c'igikombe c'Umukuru w'igihugu, Niyonkuru...

Facebook Comments