Scroll to Top

Akaririmbo ka Bobona n’umutariyanokazi kahavuye gashirwa ahabona.

By KING YANN COOL / Published on Monday, 18 Jun 2018 09:08 AM / /

Akaririmbo Bobona yakoranye n’umutaliyanokazi Martina kahavuye gashirwa ahabona kuri uyu wa 5 igenekerezo rya 15 mukakaro ku rubuga rwa Vevo.

Inyuma y’igihe kirekire akaririmbo karindiriwe n’abatari bake, umuririmvyi Bobona yahavuye ashira ahabona ko karirimbo. AKo karirimbo akaba yakise “Inyishu”, muriko hakumvikanamwo umuririmvyikazi w’umutaliyanokazi yitwa Martina.

Ako karirimbo kakaba kasohokeye ku rubuga rwa Vevo rw’uyo muririmvyi, aho ni mu gihe ibaye iyambere isohokeye kuri urwo rubuga kuko izindi zose zari zisanzwe zisohokera ku rubuga rwa Youtube yarasanzwe akoresha.

Aganira na Afrique.fr Bobona yavuze ko ako karirimbo kazoba nk’ikimuranga nk’umurundi mu mahanga.

Mwokwibuka ko akandi karirimbo Bobona yaheruka kwumvikanamwo ari Yambi n’utundi dutandukanye turi mu rukurikirane ariko arakora.

12,395 total views, 0 views today

Add Comment