Scroll to Top

Hampande y’ukuba umunyamideri, Esther Kamatari yinjiye mu gukina amareresi naho

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 20 Jun 2018 07:18 AM / /

Mu gihe asanzwe azwi nk’umunyamideri, Princess Esther Kamatari agiye kuboneka mu mareresi y’abatwenza, Comedy. Iryo reresi azobonekamwo rikaba rizerekanwa ku mboneshakure y’abafaransa TV5 Monde. 

Mu kiyago Kamatari aheruka kugirana n’ikinyamakuru TV5Monde Afrique bamubajije vyinshi bitandukanye bijanye n’ubuzima bwiwe. Anagarutse kuri uwo mwuga mushasha uwo murundikazi abarizwa mu bufaransa yatanguye.

Uwo mwana wo mu nda y’ingoma akaba yabajijwe ico yibaza kuri uwo mwuga mushasha, abishura ko ari akanyamuneza ntangere kuba abashije kuronka akaryo ko gukora uwundi mwuga utandukanye n’uwo yaransanzwe akora.

Kamatari yanaboneyeho akaryo ko guhimiriza n’abandi cane cane ab’igitsinagore ngo nabo ntibagatinye, ahubwo bagire ishaka ry’ukwama buri gihe batangura ibindi bikorwa bishasha.

Muri iryo reresi ryakiniwe muri Congo Kinshasa, Kamatari  akaba akina ari umutambukanyi wa nyene ubwo buraro bw’abahita, River Hotel. Agakina kandi adafise ubushobozi bw’ukuvyara, arico gituma umushingantahe wiwe yarenga ibigo, naho yarabizi ngo yaramureka.

Esther Kamatari, umwana wa Ignace kamatari umuganwa akaba n’umuvukanyi w’umwami Mwambutsa bangiricenge, yanagarutse ku Burundi avuga ko bwamutwaye umuvyeyi ariko atigeze yihakana naho yamaze igihe kitari gito yumva ata mutima w’ukukigarukamwo afise, ariko ngo agira ubugeni, umuvyeyi wiwe -Mama wiwe- ngo niwe yamugaruye agasubira kumwugururira imiryango y’Uburundi.

28,458 total views, 0 views today

Add Comment