Scroll to Top

Ukuri kwi foto ya Sat-b asomana na Belle Nice kwoba ar’ukuhe?

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 20 Jun 2018 09:41 AM / /

Muri amwe mu mashusho amaze imisi ahererekanwa ku mbuga ngurukanabumenyi cane, harimwo ishusho yabonetse yerekana umuririmvyi Sat-b ariko asomana n’umwigeme Belle Nice akunze cane kuboneka muri ino misi barikumwe.

Iyo shusho co kimwe n’amajambo yayiherekeje abatari bake bakaba babigizeko amakenga menshi kuko bibaza ko ivy’ayo vyoba bigamije kurondera Buzz. Ariko naho biruko abakurikirana uwo mwanditsi wa “Girl Freinds” ku mbuga nka Facebook bo bakaba bamutera intege bakamwipfuriza urukundo rwiwe, ubona ko amajambo yaherekeje iryo shusho yari ay’urukundo.

Mu misi iheze  Sat-b ashira ahabona akaririmbo Shimirimana, twumvisemwo uwo muririmvyi avuga ko hariho umwigeme yikundira, uwo nawe amakuru twari dufise yavuga ko ari umwigeme Belle Nice asanzwe aba mu nyakabiga, akaba n’umwe mu bakora ama Karaoke mu gisagara ca Bujumbura. Ariko yaba Sat-b yaba Belle bose bamiriye kure iyo nkuru, bavuga ko ata bundi bucuti burenze bafitanye.

 

Ubu ibibazo bitari bike bikaba vyibazwa, mbega Belle azosubira kuvuga ko batagenda ko amashusho aribo bayishiriye hanze? Ubwo Belle azohava avuga ko yarishwe ngo bikunde akine uwo mukino w’urukundo hagati yabo? Mbega Sat-b azohava asubira kwihindukiza nkuko yabigize kuri Ashley? Mbega kwoba ar’ukuri bari mu rukundo? Canke Sat-b ashaka kubanza kuvurwa cane imbere yuko amashusho y’akaririmbo Girl Freind asohoka.  Mu kinyamakzuru hari umugani uvuga ngo Wait and See.

Ivyo bikaba atari irya mbere kuko igenekerezo rya 6 rusama, kuri Facebook ya Sat-b hagiyeko ishusho yabo  uko ari 2, iherekezwa n’amajambo y’urukundo yavuga ko Sat-b vyanse ko yikuramwo wa mwana akunda. s’aho gusa kuko amajambo y’urukundo hagati ya Sat-b na Belle ni menshi gose.

Mu buzima Duhurumbiirwa na benshi navyo bifise impamvu ….ariko vy’ukuri uriya mukobwa, wa mwana nkunda ………vyanse ko ndamwikuramwo , ibi bihe vyanse kumvamwo….

28,289 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment