Scroll to Top

Bimwe bimwe mu vyaraye bishikirijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego

By Janvier Nzokurigomba / Published on Saturday, 23 Jun 2018 07:28 AM / /

Nk’uko bikunze gukorwa ukwo amezi atatu aheze, kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka w’2018, abavugizi b’inzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu bari baramutse bagirisha ikiganiro abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu, ikiganiro cabereye mu ntara ya Bururi.

Bimwe mu bibazo vyababijwe ndetse bigatangirwa n’inyishu muri ico kiganiro hakaba harimwo ibibazo vya poritike, ubutunzi, ubutungane, ikibano, umutekano, uburimyi n’ubworozi, amagara y’abantu, n’ibindi.

Mu bijanye na poritike, bagarutse ku bibazo bijanye n’ibwirizwa nshingiro ririko rirakoreshwa ubu ko ryoba ari irya kera canke ari rishasha riherutse gutorwa na canecane mu gihe hoba hakenerwa ko hari itegeko ryosabwa guterwako igikumu n’umushikiranganji wa mbere asanzwe ategekanijwe mw’ibworozwa nshingiro rishasha. Kuri ico kibazo, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karenga Ndenzako yamenyesheje ko ivyo ata ngorane biteye muri kino gihe

Ku bijanye n’ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka gushikiriza abarundi n’amakungu ko atazokwitoza mu mwaka w’2020, habajijwe y’uko atoba ari umukenyuro yagize kugira ngo hamaze kugera aheze amenyeshe ko abenegihugu basubiye kumugomwa, aho umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako yamenyesheje ko atazokwihindukiza mw’ijambo ndetse ari n’isezerano yagiraniye n’Imana aboneraho gusaba abarundi bose gusengera nyabuna umukuru w’igihugu azotorwa mu mwaka w’2020 kuko ngo ubutegetsi bukomoka ku Mana.

Nayo kubari bafise amakenga ku kungene amagara y’umukuru w’igihugu yoba yofashe gushika uwu musi mu gihe amaze imisi itari mike ataboneka mu myimenyerezo nonoramitsi na cane cane gukina agapira asanzwe akunda cane, umuvugizi wiwe yamenyesheje ko gushika ubu amagara y’umukuru w’igihugu ariko aramera neza ndetse mu misi ya vuba ngo akazoshobora kuzosubira kuza aratanga inyigisho ku benegihugu nk’uko yahora abikora.

Mu gisata c’ubutungane n’umutekano naho, harabajijwe aho amatohoza agerereye kubijanye n’ubwicanyi butagira izina bwakorewe abanyagihugu bo ku musozi wa Ruhagaragara muri komine Buganda yo mu ntara ya Cibitoke aho abantu barenga mirongo ibiri bahasize ubuzima mu gihe bagirwako igitero n’abagizi ba nabi aho havuzwe ko inyuma y’ukwiha iyo nkumbi abo bagizi ba nabi boba baciye bahungira mu gihugu kibanyi ca Kongo, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane yamenyesheje ko ubwo nyene umushikirizamanza mukuru wa Repubilika yaciye atora komisiyo n’abantu bakora amatohoza kuri ubwo bwicanyi maze abaha ikiringo c’ukwezi kumwe yamara kirangira atakintu kizima amatohoza arashikako niko guheza akabongera ikindi kiringo caraye kirangiye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruheshi, aho abantu bagera kuri batandatu bakekwa muri iryo bara ngo baza baramaze gufatwa mbere bakaba bagiye gushengezwa imbere y’ubutungane.

Nayo ku ikibazo c’uko inama y’ibihugu bigize Comesa yari itegekanijwe kuzobera aha mu Burundi yamara bigahindurwa ku munota wa nguma ko ata gashumbusho Reta y’Uburundi izosaba ku bintu bitari bike yahahombeye, umuvugizi wa Reta y’Uburundi Philippe Nzobonariba yamenyesheje ko atankeka Reta avugira izosagasaba.

Ku bijanye n’ibitungwa bitobito (impene n’intama) bimaze igihe bicandazwe yamara bamwe mu benegihugu bamenyesha ko aho gukira vyagumye bipfa, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko ari igikorwa c’abenegihugu kwama maso maze hagize ico baba babonye kitagenda neza ku buzima bw’ibitungwa vyabo baheza bakabishikiriza abaganga bavyo hakiri kare, nayo urucanco vyahawe ngo sirwo rutuma bipfa.

Ico ikiganiro kikaba carangiye hashimirwa abavugizi b’inzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu ku kigoro bagize mu kwitaba ico ikiganiro, abashoboye kugikurikirana, abenegihugu bashoboye kubaza ibibazo, abanyabururi bashoboye kwakira neza abari bavuye mu gisagara ca Bujumbura hatibagiwe n’abamenyeshamakuru hamwe n’abafata amasanamu.

21,362 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi promoted

Add Comment