Scroll to Top

Muri kigingi Summer comedy hazobonekamwo ibihangange muri uwo mwuga

By KING YANN COOL / Published on Friday, 22 Jun 2018 09:40 AM / /

Muri summer Comedy uno mwaka Kigingi avuga ko atavyo kwigira Comedy kuri Podium, kuko hazoba hari inararibonye muri uwo mwuga gusa.

Kigingi ati nta wuzokwigira kuri Scene mu gihe ca Kigingi Summer Comedy ngo kubera umwanya uzoba wegeranye cane. Ivyo uwo mwanditsi akaba n’umukinyi w’utureresi dutwenza yabiganiriye n’imwe mu mboneshakure zikorera ku ngurukanabumenyi aha Iwacu.

Muri ico kiyago Kigingi yavuze ko mu mwaka wahera hari abadoze ko ngo mu bakinyi harimwo abasanzwe badatwenza, aho rero akavuga ko abataramenyera cane atabataye canke ngo abegeze hirya ngo azobajana hagati mu gihugu ariko ngo i Bujumbura azoba ari ibicocoro muri uwo mwuga.

Mu bishasha uwo mukinyi yashikirije, harimwo ukuba muri uno mwaka muri Kigingi Summer comedy igira gatatu, ngo hazoba Umuririmvyi avuye hanze y’igihugu co kimwe na bamwe mu baha iwacu. Eka ngo no mu bakinyi ba Comedy naho nyene ngo hampande y’abaha iwacu, ngo n’abanyamahanga nabo bazoba bahishikiye.

Mwomenya ko urwo ruhererekane rw’ibiteramo ruzorangirira i Bujumbura kuri Saint Tropez kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kw’8, mu ndwi zibiri zizotangurira ukwo kwezi ngo bazoba baciye i Ngozi n’i Gitega naho ngo babateramishe nkuko amakuru dukesha Bujumbura Tv abishikiriza. Nayo amazina nyakuri y’abazitabira akaba atabashije kuyashikiriza.

11,701 total views, 0 views today

Add Comment