Scroll to Top

#diaspora | Kijanya yakuyeko ubusage

By KING YANN COOL / Published on Friday, 22 Jun 2018 10:41 AM / /

Abahora bamuzi afise ubusage -Dredrocks- ntibomumenya bahuye, kuko ubu umwanditsi w’uturirimbo twashitse ku nyota abatari bake -Kijanya- yamaze gukurako ubwo busabe bwari bumaze igihe.

Nkuko vyabonetse ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi abarizwa muri Canada yanditse amenyesha ko yamaze gukurako ubusage. Ubwo butumwa aca abwandika mu rurimi rw’icongereza.

“Bye bye my dreadlocks…😣😣😣 i Will miss you..”

Uwo mwanditsi wa Been Calling akaba yahavuye asubira kandi kwandika ata n’umwanya munini uheze ko kuba umu Rasta ni ku mutima, si ku mubiri. Aca yongerako ko azokwama ari wawundi nyene afise canke adafise ubwo busage.

 

“Dont get me Wrong, I loved my dreadlocks like theres no tomorrow. But being Rasta is in spiritual not in hair. I am the same Kijanya forever. Thank you friends familly , Fans for showing me your love.”

Mwomenya ko abukuyeko mu gihe yaheruka gushira ahabona uturirimbo twiwe dushasha aboneka afise ubwo busabe, aho nka Been Callin na Nta cica nk’irungu

11,848 total views, 0 views today

Add Comment