Scroll to Top

King Plata yavuze ku kahise na kubu mu bunyamwema bwiwe

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 23 Jun 2018 02:53 AM / /

King Plata avuga ko ivy’ukuronka umukunzi, ukwiyakira mu bagenzi n’incuti, ukwemerwa kw’ishure ngo bitamugoye cane, naho agendana uburwara bw’urukobwa bita mu kinyamazuru “Albinisme”.

Mu gihe abandi bibagora kubasha kuba mu bandi kubera ikibazo ‘uburwara bw’urukoba bita mu kinyamazuru Albinisme, umuririmvyi Platini wewe avuga ko bisa n’ivyamworoheye kuko abigisha bamwigishije vyaboroheye kumwakira mw’ishure. Aho ni kuva agitangura umwaka wa 1.

Mu kiganiro Gros Plan ca Iwacu Web Tv, uwo muririmvyi yavuze ko atarico camworoheye gusa kuko n’umukunzi akaba n’umutambukanyi wiwe ngo nawe nyene bitamugoye cane kumuronka. Ariko bikaba bitabaye vyiza cane kuri uwo mukunzi wiwe baheruka kurushinga, ngo kuko ababanyi b’aho yavuye ngo bashatse kugisha umuvyeyi wiwe ko bitabereye ko umukobwa wiwe arongorwa n’umunyamwema.

Ikindi camworoheye naho bitaba kuri bose ngo n’ukwiyakira mu bagenzi n’incuti ziwe. Kubera ubwinshi bw’abagenzi Paltini afise badasangiye akabiri n’irangi ry’urukobwa, uwo muririmvyi avuga ko iyo ari muribo ngo atigera yibona nk’uwugendana ubwo burwara bw’urwo rukoba.

Mwomenya ko Platini ariko ararangiza urukurikirane rwiwe rushasha ruzoba ruhagaze ku butumwa bw’uko isi iryoshe kubera abantu badasa, batanga kandi bataniyumvira kumwe nkuko amakuru dukesha ico kinyamakuru abishikiriza.

7,250 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment