Scroll to Top

Alby Wamandalinho yavuye mu gacerere kubera abakunzi b’ibikorwa vyiwe

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 23 Jun 2018 04:42 AM / /

 

Inyuma y’igihe kitari gito umuziki wiwe usa n’uwusinziriye, Wamandalinho avuga ko hari ibishasha agiye gushira ahabona mu misi ya Vuba. 

Inyuma y’igihe kitari gito atumvikana mu muziki ndundi cane cane mu murwi ? G yarasanzwe abarizwamwo haraheze igihe, uwo muririmvyi avuga ko mu misi ya Vuba akaririmbo gashasha ngo gashirwa ahabona.

Ako karirimbo avuga ko agiye gushira ahabona, akaba ari akaririmbo yakoranye n’umuririmvyi mugenziwe yitwa Alam Dupri, nayo akazina bayihaye ngo ni Valider.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine, uwo muririmvyi yamenyesheje ko ako karirimbo karimwo ubutumwa butandukanye, ariko ahanini kurabishwa mu kuryoherwa.

Abajijwe ivy’igituma agasohoye ubu akaba yishuye ko yabwiye abakunzi b’ibikorwa vyiwe kenshi ngo barindire kuko bamubaza ryari igikorwa gishasha kizosohoka, none ngo ihangane zabaye nyinshi yahisemwo gukora ico gikorwa noneho ngo abahumurize ko umuziki atawuhagaritse.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaramaze hafi imyaka 3 umuziki wiwe usa n’uwusinziriye.

10,124 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment