Scroll to Top

Imyaka Zari asumba Diamond Platnumz yamenyekanye

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 23 Jun 2018 06:39 AM / /

Ata guhigimanga, Zari The Boss lady yavuze imyaka y’amavuko, basanga asuba uwahoze ari umukunzi wiwe iyitari mike.

Zarinah hassan benshi bazi nka Zari the Boss Lady yaraye yemeje imyaka y’amavuko afise, mu gihe yahora yigenga ibanga ntabishire ahabona.

Kuri uyu wa kane ku ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwahoze ari umukunzi wa Diamond Platnumz Zari yamenyesheje ko ubu afise imyaka 38 y’amavuko. Akaba asumvya imyaka 10 umuvyeyi wa 2 mu bana 5 asanzwe afise, Diamond platnumz, kuko we ubu afise imyaka 28 y’amavuko gusa.

Ivyo bikaba bimenyekanye inyuma y’amezi ashika kuri 4 batakirikumwe mu rukundo, kuko Zari yamenyesheje ku rubuga rwa Instagram itariki 12/2 ko atakiri mu rukundo n’uwo mwanditsi w’uturirimbo dutandukanye twashitse ku nyota benshi.

12,096 total views, 0 views today

Add Comment