Scroll to Top

Vital’o yaraye itwaye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu itsinze Delta Star

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 24 Jun 2018 01:39 AM / /

Hari kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 23 Ruheshi umwaka wa 2018 isaha icenda (15h00) ku kibuga c’ingoma kiri mu ntara ya Gitega aho hari haramutse haba urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ryitiriwe igikombe c’umukuru w’igihugu aho umugwi Vital’o waraye unyagiye umugwi Delta Star ibitsindo 3-1.

Mbirizi Christian akaba yatsinze ibitsindo bibiri wenyene ikindi kimwe gitsindwa n’umusatirizi Ngezi Issa mu gihe ica Delta Star cinjijwe na Dusabe Olivier.

Bikaba bibaye ubwa kabiri umugwi Vital’o Fc utwaye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu aho ubwa mbere wagitwaye utsinze Athletico Olympic kuma penariti Vital’o Fc rero ukaba ariwo mugwi ugiye guserukira Uburundi mu mahiganwa ya Africa Confederation Cup .

Mwomenya ko Kanyenkore Jean GIlbert Younde kuvaho atanguriye kumenyereza uyo mugwi Vital’o Fc amaze guhusha ibikombe bike nayo umugwi Vital’o Fc uyu mwaka ukaba wafashe ikibanza ca gatanu mw’ihiganwa rya Primus League ufise amanota 56.

13,989 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment