Scroll to Top

Hussein Shaban Tchabalala yaraye aciye mu ryahumye Chris Mbondi

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 24 Jun 2018 01:37 AM / /

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 23 Ruheshi umwaka w’2018 igihe c’isaha zibiri zo mugatondo niho umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Rayon Sports Hussein Shaban Tchabalala yatera umukono ku masezerano y’ugukinira umugwi baroka Fc aciye mu ryahumye Chris Mbondi umukinyi w’umusatirizi w’umunya Cameroun basanzwe bakinana mu mugwi Rayon Sports Fc.

Hussein Shaban Chabalala akaba yateye umukono ku masezerano y’imyaka ibiri azomara akinira umugwi wo mu gihugu ca Africa y’epfo witwa Baroka Fc uri mu cicaro ca mbere.

Kwitwara neza mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Champions League rwahuje Rayon Sports hamwe na Mamelody Sound House rwabereye muri africa y’epfo gwatumye imigwi ikomakomeye nka Chipa United, Bid Vest , Baroka Fc irondera uyo mukinyi aca aronka amahirwe menshi yo kwifuzwa na Baroka Fc .

Bikavugwa y’uko imbere y’uko Baroka Fc ifata Tchabalala abayobozi b’uyo mugwi bari kumwe na Manager w’umukinyi Chris Mbondi yari asanzwe akinana na Tchabalala mu mugwi Rayon Sporfs bari baje kuraba uyo mukinyi w’umunya Cameroun kugira barabe ko yokwitwara neza muri urwo rukino rwo gusubiriza rwahuje Mamelody sound House hamwe na Rayon Sports rwabereye muri Africa y’epfo ariko ngo ntibigeze bashimishwa n’ingene uyo mukinyi yitwaye muri urwo rukino baca bashimishwa n’ugukina kwa Tchabalala babona guhitamwo we.

Hussein Shabani Tchabalala akaba yari amaze gukinira umugwi Rayon Sports inkino 10 z’ihiganwa ryo mu Rwanda akaba yari amaze gutsinda ibitsindo 7 mu gihe mu mahiganwa ya CAF Champions League hamwe na Confederation Cup yari amaze gutsinda ibitsindo 4.

13,324 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment