Scroll to Top

Titus Da Sailor niwe yatahukanye ikibanza c’ukwezi

By king epimax / Published on Monday, 25 Jun 2018 02:09 AM / /

Inyuma y’aho ururirimbo rwiwe rumariye incuro zitatu ruba urwa mbere muri top5 ya Indundi Magazine rwamushikanye kuba umuririmvyi w’ukwezi  kwa Rusama, ururirimbo yise WARI IKIROROGE gutyo rusubirira ururirimbo NKUNDA GUKUNDE rwa Chonge P rwari rwabaye urwa mbere muri Ndamukiza.

Umuririmvyi Titus Da Sailor yaryoherewe nico kibanza nk’uko yabigaragaje kumbuga ziwe asanzwe akoresha aho nko kurubuga rwa Facebook yashoboye kwandika avuga ati” Ni rya teka nyene mwabonye ko atawundi yoriterwa atari jewe!”

Saho gusa no mu kiganiro Indundi Hits Show gisanzwe gica kw’isamirizi imwe isamiranira i Bujumbura yashoboye kugaragaza ako kanyamuneza aho yanagirako anavuga ko asazwe ariko aranategura amasanamu y’urwo ruririmbo azosohoka inyuma y’akandi karirimbo ariko arabategurira barikumwe  n’uwundi kagiye kuzoja ahabona mu misi iri imbere.

Mwomenya ko ico kibanza agitsindiye inyuma y’uguhiganwa n’izindi ndirimbo zigera kuri 20, zikaba zihiganwa ukwezi kwose ku rubuga rwa Indundi Magazine arinazo zihava zikavamwo imwe yarushije izindi ikaba iya mbere.

 

7,377 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment