Scroll to Top

Hussein Tshabalala yaguzwe n’umugwi wo muri Ethiopia

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 24 Jan 2019 15:45 PM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Hussein Shaban Tshabalala yaguzwe n’umugwi wo muri Ethiopia.

Hussein Shaban Tshabalala akaba yari amaze imisi 4 ari hano i Bujumbura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 niho yaraye afashe indege imushikana mu gihugu ca Ethiopia kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 24 Nzero umwaka wa 2019 akaba yaciye avyuka ashira umukono ku masezerano yo gukinira imyaka 2 Ethiopian Coffee Sports Club uri mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Ethiopia .

Hussein Tshabalala akaba aguzwe n’umugwi Ethiopian Coffee Sports club imukuye mu mugwi Baroka Fc wo mu gihugu c’africa y’epfo.

Umugwi Coffe Sports Club agiye gukinamwo ukaba uri mu kibanza ca mbere n’amanota 22 mw’ihiganwa ryo muri Ethiopia.

Add Comment