Scroll to Top

#Urwevu| Hano uburyo buzogufasha kwongereza ukwiyemera

By Indundi Staff / Published on Thursday, 28 Jun 2018 07:59 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bamenyesha yuko imbere y’uko abandi bakwemera vyokubera vyiza ubanje kwiyemera. Ibi biza guhushana gatoya n’umwibutsa wa ba sokuru ngo hakwishima woshimwa n’abandi. Yamara aha ukwishima umuntu yokwibaza ko boba bashaka gufatira ku bw’ibone, agashinyaguro n’agakengere.

Mu gihe rero umaze gufata inzira y’ukuja kw’isonga, ngo , ka gatimatima k’ubwonko bwawe( Subconscient karaheza kagakenera kuraba koko y’uko wiyemera kugira maze gutyo gaheza kazoze karakwizera kakurosa ivyo wifuza. Ubuhinga rero bwa mbere bw’ukukanezereza ni ugutora ikaye, maze bugingo umusi uheze, ugaheza ukucara hasi ukandika ikintu cose ubona wakoze kijanye n’ugushika iyo wifuza gushika.  Naho woba wasomye igitabo kijanye n’ivyo ugomba gushikako iminota 30 gusa, heza wandike muri nya gakaye.

Hanyuma rero, uheje kwandika bino, uheze uce utegekanya ibintu uzokora bukeye bijanye n’iyo ntumbero, urare upipanze maze uje kuryama ubipanze. Abahinga bamenyesha yuko mu kiringo uryamye ka gatimamatima ko mu bwonko bwawe bita subconscient gaheza kagaca karara karabikorerako. Niho harya iyo uraye utegekanije isaha y’ukuvyukirako kenshi usanga ariyo nyene uciye uvyukirako , ivyo rero bikavana n’uko ya subconscient yawe yahavuye ica ikuvyura.

Bugingo uvyutse naho, imbere y’ugutangura akazi, abahinga bahanura ko wobanza ugahumiriza ukabona mu buryo bw’impwemu ukuntu umusi wawe wose uza kugenda. Umaze kubibona neza uraheza rero ukinanata kugira ubikurikize ubwo ngo bukaba ari uburyo bw’ukwemeza subconscient y’uko wahagurutse ata gufyina kurimwo. Subconscient rero imaze kunyurwa ikemera neza ko wahahagaze, iraheza igaca ikwizera maze ukabona ibintu bitanguye kuja ku murongo

9,682 total views, 0 views today

Add Comment