Scroll to Top

#Burundi| Ivyamenyeshejwe ku bijanye n’ihimbazwa ry’umusi mukuru w’ukwikukira

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 27 Jun 2018 05:14 AM / /
isanamu ngereranyo y’ibirori

Umushingantahe Zéphyrin MANIRATUNGA, asanzwe arongoye umurwi ujejwe gutunganya imisi mikuru ku rwego rw’Igihugu yamenyesheje ko ibirori vy’uguhimbaza ukwikukira kw’Igihugu cacu inyuma y’imyaka 56 kivuye mu buja,  vyobaye igeneerezo rya mbere Makakaro bizoheza bigaca bihimbazwa ku musi wa mbere bukeye, igenekerezo rya kabiri Mukakaro.

Iyo ngingo rero ikaba yafashwe kubera kuko iryo genekerezo ryahuriranye n’umusi w’Imana. Ikindi camenyeshejwe n’uko ishirahamwe ryose rizoserukirwa n’uabantu bashika mirongo itanu na batandatu( 56) akaba rero aribo gusa bazoba bajejwe kugira défilé.

 

3,812 total views, 0 views today

Categories : Burundi homepage kirundi

Add Comment