;
Scroll to Top

#Burundi Diaspora | Umwigeme Dusenge Gloria yaraye ateye iteka Uburundi

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 29 Jun 2018 06:58 AM / No Comments / 736 views
Umwigeme Dusenge Gloria(yambaye amarori), isanamu/ Samuel arongoye ishirahamwe BAHO

Gloria Dusenge niwe yatowe mu nama iheruka ngo  araserukira urwaruka rw’abarundi ruri mu mashure yisumbuye  muri Arizona.

Dusenge Gloria ni  umwana w’umwigeme w’umurundikazi  akiri muto mugabo akora ibintu bitangaza abantu benshi cane akaba yaraye ateye iteka abarundi n’Uburundi na cane cane  Ishirahamwe BAHO ryamurungitse mu gutsinda ihiganwa rihambaye ryabereye muri America mu mashure yisumbuye.

Dusenge Gloria  yashushanije ishusho y’umuntu araheza arasigura ico yashatse kuvuga kuri iyo shusho. Ivyo bikaba vyamuhaye amahirwe yogutsindira iryo higanwa .Muri kino gihe ico gishusho  kimanitse mu nyubakwa  House of Congress  aho abategetsi ba America bakorera amanama.

Mu ndwi iheze Gloria Dusenge yarahuye n’abategetsi bo muri Arizona harimwo n’abashingamateka, aho Gloria aguma aserukira ishirahamwe  BAHO mu vyo avuga vyose kandi akanavugako BAHO rya muhaye akaryo keza ko kwerekana ko hari ico ashoboye.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Ruheshi , Gloria Dusenge, yaraye atumiwe  i Washington DC(District of Columbia) mu nama idasanzwe y’abategetsi yama iba buri mwaka kugira ahabwe agashimwe kiwe yongere anasigurire abantu ingene yiyumviriyeico gishusho kirimwo inyigisho nyinshi cane.

 

8,412 total views, 0 views today