Scroll to Top

Umushikiranganji Jean marie Niyokindi yaraye arusimvye

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 30 Jun 2018 00:06 AM / /
Jean Marie Niyokindi,Umushikiranganji w’ubudandaji , amahingurio n’ingenzi,
Kuri uyu wa gatanu  igenekerezo rya 29 ruheshi  nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba imodoka yo mu bwoko bwa Land Cruiser Prado ifise imparati C 538 AGB  irerura umushikiranganji w’ubudandaji amahingurio n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi yarataye ibarabara igeze ku musozi Kiyange muri Komine Gisozi mu ntara ya Mwaro kw’ibarabara RN7.

 

Nkuko bivugwa na Petero Nkurikiye avugira Ubushikiranganji bw’umutekano abantu babiri bari aho iryo sanganya ryabereye baciye bitaba Imana uwundi umwe arakomereka, impome z’inzu zitatu zirasiduka .Umudereva hamwe n’umuporisi ajejwe umutekano w’uwo mutegetsi ntaco babaye.

Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi yaciye ajanwa kuvurigwa mu bitaro vyo mw’Ijenda .Pierre Nkurikiye yahavuye amenyesha ko uyo mushikiranganji yavuye aronka mitende aramanuka i Bujumbura mu gihe hari amakuru yavugwa ko yoba yaremvye.

Biravugwa ko intandaro y’iro sanganya ari umuvuduko munini iyo ngendeshwa yariko.

4,173 total views, 0 views today

Add Comment