Scroll to Top

Musenyeri mukuru Gerevasi Banshimiyubusa yaraye yambitswe icatabugabo

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 30 Jun 2018 01:49 AM / /
Museneyeri mukuru Gerevasi Banshimiyubusa ariko ashikirizwa icatabugabo (Pallium) na Papa Fransisiko, ikibanza citiriwe Petero Mweranda, igenekerezo rya 29 ruheshi 2018 isanamu
Ikimenyetso Palium (icatabugabo)gikozwe mu bwoya bw’intama gikoreshwa n’abungere bakuru muri ekereziya gatorika

Kuri uyu wa gatanu  igenekerezo rya 29 ruheshi umwaka w’2018 hariya i Roma mu kibanza citiriwe Petero Mweranda niho Musenyeri Mukuru wa diyoseze nkuru  ya Bujumbura Gerevasi Banshimiyubusa yambikwa ikimenyetso citwa ICATABUGABO (PALLIUM) mu mvugo y’abihebeye Imana.

Mu misi yahariwe abarenda Petero na Paulo yaherejwe na Papa Fransinsiko mu kibanza ca Petero mweranda yaboneyeho gushikiriza icatabugabo (Pallium) abungere bakuru  bashasha bashika ku mirongo ibiri na batatu .Muri abo harimwo Musenyeri mukuru Gerevasi Banshimiyubusa arongoye idiyosezi nkuru ya Bujumbura.Ico kimenyetso (icatabugabo) kimuha ubukuru badasanzwe mu vyo kurongora amadiyoseze ya Bujumbura, Bubanza na Bururi.

Abo basenyeri bakuru bashasha baronkejwe mu biganza vya Papa Fransisiko ivyatabugabo babanza kumwemerera ko bazomugamburukira kandi bamwubahe.

Mwokwibuka ko uwo yakoreye mu ngata ariwe musenyeri Ngoyagoye Varisito mu vyo yari yamushikirije ico kimenyetso kitarimwo kuko abungere b’amadiyoseze baciheregwa n’umuvyeyi wa ekereziya gatorika wenyene.Guhera ubu ivyo bimeneyetso bigiye gutangwa n’abaserukira Papa mu bihugu bitandukanye.

3,292 total views, 0 views today

Categories : homepage

Add Comment