Scroll to Top

Umurwi Les Jumeaux Music Club uriteguriye kwakira abarundi baba mu mahanga

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 30 Jun 2018 03:51 AM / /

Les Jumeaux Music Club si amahasa nkuko ngo abantu bavyibaza ahubwo ni ivyiyumviro vy’abagize uwo murwi vyavukiye rimwe.

Nduwayezu  Blaise( N.Blaise) na  Bazishaka Donatien(Mr Polite)

Bazishaka Donatien bita Mr Polite  ati : ‘’ Si twebwe twavukiye rimwe ni ivyiyumviro vyacu vyavukiye rimwe. None ibituvamwo bimaze kuvukira rimwe kuki natwe tutwokwitwa amahasa’’.Uyu murwi ugizwe n’abantu bamaze kaminuza y’Uburundi icenda harimwo umwigeme,  Nshimirimana clementine batazira Clechou  yarangije amashure mu vyo gutumatumanako amakuru.

Icitabirizo c’akaririmbo bazokoresha mw’ihiganwa ry’ururirimbo rwo kwakira abarundi baba mu makungu kigira kiti :’’Diaspora y’Uburundi kunda Uburundi , mukundishe abandi mu kuyaga ivyiza vyabo mubiyagire amakungu maze Uburundi buhurumbigwe bumenyekane mu makungu’’.

Ngo bariteze gutsinda ihiganwa kuko ngo baravyiteguriye cane.Muri uko kuririmba bashatse kurondera akazi bakaronderera n’abandi.

Les Jumeaux Music Club baratandukanye n’abandi bariririmvyi mu bijanye n’inyambaro.Bobo bavuga ko hamwe bambaye amapantaro atabutse ku mavi hamwe namwe umenega asa n’ayagira akoroke ngo abantu bobatwenga kuko abo biganye muri kaminuza bahurira mu biteramo no misi mikuru baja kuremesha.

3,524 total views, 0 views today

Add Comment