Scroll to Top

#Urwevu|Amabanga| Hano ibintu bitatu ukwiye kugira akamenyero igihe cose uvyutse

By Indundi Staff / Published on Saturday, 30 Jun 2018 07:41 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umuteka mutwe.

Ukubona mu buryo bw’impwemu uko umusi uza kugenda.

Mu kiringo uvyutse, fata wihe isaha atakindi uriko uyikoresha atari ukwitumbereza. Humiriza wiyumvire, ugerageze kubona umusi wose uko uza kugenda.

Soma ibitabo canke wumvirize amajwi agutera intege

Umviriza amajwi( audios) canke usome ibitabo bigutera intege, bikuremesha. Abahinga baciye urwevu imbere yacu bamenyesha ko iyo saha ya mbere uvyutse ari akanya keza cane k’ugutumbereza ka gatimatima kawe ku vyo koko wifuza gushikako, maze gutyo ukaba nawe witeye intege.

Ugufata umusi umwe mu ndwi ukihweza uko izuba riseruka

Ikindi naco kandi bahanura, ngo n’ugufata umusi umwe mu ndwi, maze ugatanga izuba guseruka, ugaheza ukagenda ukaraba aho wicara ugaheza ukihweza , harya mu mutwenzi, ngo ukihweza neza uraba ukwo izuba ririko riraseruka riserukira gutanga umuco w’uwo musi. Abo bahinga bamenyesha ko ico ari ikindi kintu gikomeye kiza guha intege inguvu mpwemu zawe( Esprit)

10,803 total views, 0 views today

Add Comment