Scroll to Top

Berahino araronderwa n’imigwi ibiri yo mu gihugu ca Hollande.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 01 Jul 2018 06:09 AM / /

Umusore w’umusatirizi afise amamuko hano mu Burundi, Saido Berahino  araronderwa n’imigwi ibiri ikomeye yo mw’ihiganwa rya El Divisi, mu gihugu ca Hollande.

Amakuru ava mu kinyamakuru ca Daily Mail, yemeza ko imigwi nka Feyenoord na PSV Eindhoven yo mu gihugu ca Hollande.

Saido Berahino yashitse mu mugwi wa Stoke City mu ntango z’umwaka w’2017, aguzwe ava muri West Bromwich Albion, ku miliyoni 12 z’amafaranga z’amahera yo mu bwongereza, akaba atashoboye kwerekana ubuhinga bukomeye nk’uko yari yaravyerekanye  mu mwaka wa 2014-2015.

Amakuru atangwa na Daily Mail yo abandanya amenyesha ko ashobora kuva muri Stoke City atijijwe, akaja muri iyo migwi imurondera.

Tubibutse ko Berahino aherutse gushika hano mu Burundi, aho yaraje kurondera igitabu c’inzira kimuha uburenganzira bw’ugukinira umugwi nserukiragihugu w’Uburundi.

17,599 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment