Scroll to Top

CECAFA kagame Cup : Pierrot yaraye afashije Rayon Sports kunganya na Gormahia

By Janvier Nzokurigomba / Published on Monday, 02 Jul 2018 02:43 AM / /

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 1 Mukakaro umwaka w’2018 aho haba urukino rwa CECAFA Kagame Cup iriko ibera i Dar es Salam urwo rukino rwahuje umugwi Rayon Sports wo mu Rwanda hamwe na Gormahia wo mu gihugu ca Kenya iyo migwi yompi ikaba yaraye inganije ibitsindo 2-2.

Gormahia yagiye kuruhuka mu gice ca mbere ariyo ifise ibitsindo 2-0 bwa Rayon sports, niho mu gice ca kabiri Rayon Sports yaje ifise inguvu zirenga irondera igitsindo irakironka ibicishije ku musatirizi wabo muri kino gihe ariko arabica bigacika ariwe Ismail Diarra haheze akanya gato Kwizera Pierrot nawe aronka igitsindo ca kabiri urukino rurangira iyo migwi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Mwokwibuka ko Kwizera Pierrot muri kino gihe ariwe kizigenza w’umugwi Rayon Sports kuva aho birukaniye umunyegori wabo Ndayishimiye Eric Bakame. Rayon Sports ikaba iri mw’itsinda rimwe na LLBS4A, As Ports hamwe na Gormahia baraye banganije.

7,310 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment