Scroll to Top

Muhamed Salah yongerejwe amasezerano mashasha muri Liverpool

By La Rédaction / Published on Monday, 02 Jul 2018 03:24 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’ubwenegihugu bwa Misiri asanzwe akina mu bwongereza mu mugwi Liverpool Muhamed Salah yongerejwe amasezerano mashasha muri uyo mugwi.

Salah akaba yongerejwe amasezerano y’imyaka itanu yo gukinira umugwi Liverpool akazoba ahembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri vy’ama paundi (200.000 pounds) ku ndwi ivyo vyaciye bituma uwo mukinyi w’umunya misiri aba umukinyi wa mbere wa Liverpool ahembwa amahera menshi muri uyo mugwi.

Muhamed Salah akaba ariwe yabaye umusatirizi wa mbere afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza Premier League ryo mu mwaka w’2017 ushira uw’2018 mu nkino 52 yakinye zose akaba yatsinzemwo ibitsindo 44.

Mwomenya ko uwo mukinyi vyavuzwe y’uko ariko araronderwa n’umugwi ukomeye kw’isi ariwo Real Madrid bikaba vyaraye bidakunze ko uyo mukinyi aja muri uyo mugwi.

10,877 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment