Scroll to Top

Abagendana ubumuga baraye barangije ihiganwa ry’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 02 Jul 2018 14:15 PM / /

Mu mpera z’indwi twaraye turangije, mu gisagara ca Gitega niho hari hatunganijwe inkino zisozera ihiganwa ry’igihugu mu nkino z’abagendana ubumuga bahurikiye mw’ishirahamwe rya  Comité National paralympique.

Abanonotsi bavuye mu ntara zitandukanye z’igihugu zisanzwe zirimwo ibigo bifasha abagendana ubumuga, nibo bari biabiriye izo nkino. inkino zitandukanye harimwo Sitting Volley- kwinonora imitsi, Judo hamwe n’izindi.

Muri Sitting Volley, mu bigeme umugwi wa Umuco watsinze Gakwende (3-0) nayo mu bagabo Muzinga itsinda  Gakwende (3-0).

Kubw’umwe mu bateguye ayo mahiganwa, akanaba icegera c’uwujejwe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’inkino z’abamugaye, Charles   amenyesha ko kabaye akanya keza ko kwerekana ko abagendana ubumuga bafise ubuhinga bukomeye ndetse kari na karyo ko kurondera abanonotsi beza bazoserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu.

Izo nkino zikaba zabereye ku kibuga  kiri mu gisagara ca Gitega cubatswe n’ishirahamwe rya Handicap International, mu ntumbero y’ugutera intege abagendana ubumuga.

8,420 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment