Scroll to Top

#Urwevu|Succès| Tegura ico uzoba uri mu myaka iri hagati ya 5 na 10 bigishoboka!

By Indundi Staff / Published on Monday, 02 Jul 2018 13:18 PM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abasokuru barayamaze bati urima itiro ukimbura ingonera! Abahinga bahanura bati” Ryama umwanya muke ukenewe! Aha rero bibutsa ko umusi ufise amasaha 24. Amasaha nayo umuntu akuze akeneye kugira asinzire neza ngo ni amasaha atandatu. Aha rero dufashe nk’abari aha mu Burundi iwacu basanzwe bakora ubuzi bunyuranye , umuntu yoshirako ayandi masaha umunani y’akazi ku musi .Uwoca ashirako ay’urugendo kuja ku kazi n’ugutaha yofata yandi masaha abiri .

N’ukuvuga rero ko umuntu afise amasaha atandatu ashobora gukoresha kugira ategure ca kintu ategekanya kuzoba ari mu myaka iri hagati ya 5 na Cumi. Abasokuru barayamaze bati ic’umutima ushaka kizindur’amaguru. Mu kiringo wofata ingingo y’ugutegekanya ikintu uzoba uri nko mu myaka indwi nta cobuza ko uhereye uno musi dogiridogiri utogishikako.

Abahinga bamenyesha y’uko kugira umuntu abe umuhinga muri kino canke kiriya basanze ngo bisaba ko aba yagiye arasoma ibijanye naco gushika azokwize amasaha ibihumbi cumi.(10.000). Mu kiringo wofata ingingo y’ukuzoba uri umuhinga mu vyo wumva wiyumvamwo, n’ukuvuga ko woca ugira ibiharuro ukaraba igihe uzoba ukwije ayo masaha, ufatiye ku masaha wokoresha ku musi.

Iyo utabandanije wiga, uretse ko uhomba ubumenyi bushasha ahubwo n’ubwo waheruka ufise bugenda baratumuka nk’ifu y’imijira. Abahinga bamenyesha y’uko ubwonko( partie mémoire) bwacu bumenze nk’umutsi uwariwo wose. Iyo umutsi utabandanijwe ukoreshwa uraheza ugafata intumbero ijanye n’ugutera umugara.

Ca urwevu! kuko ubigire canke ureke, ayo masaha azohera, nyuma wibaze ngo” mbega basha nabujijwe n’iki?

INYIFATO DUFISE UWU MUSI NIYO IZOGENA ICO TUZOBA TURI MURI KAZOZA.

 

9,240 total views, 0 views today

Add Comment