Scroll to Top

Eden Hazard yaraye atowe nk’umukinyi yitwaye neza mu rukino rw’Ububirigi n’Ubuyapani

By La Rédaction / Published on Tuesday, 03 Jul 2018 05:46 AM / /

Inyuma y’aho umugwi w’Ububirigi uraye utsinze umugwi w’Ubuyapani ibitsindo 3-2 bigoranye mu rukino rw’igice 1/8 gishira ica nyuma c’igikombe c’isi yose kiriko kibera mu Burusiya, umukinyi Heden Hazard yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino.

Eden Hazard yaraye akoze akazi gakomeye cane mu gufasha umugwi wiwe w’Ububirigi aho yatanze umupira mwiza cane uvamwo igitsindo ca kabiri caraye gitsinzwe na Fellaini.

Ububirigi bukaba bwaraye buronse itike yo gukina igice 1/4 c’igikombe c’isi kiriko kibera mu Burusiya aho uzohura n’umugwi wa Brezil.

4,589 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment