Scroll to Top

Iki nico catumye Shassir Nahimana yanka kujana n’abandi muri CECAFA Kagame Cup

By Janvier Nzokurigomba / Published on Tuesday, 03 Jul 2018 06:42 AM / /

Umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ndetse n’umugwi Rayon Sports Nahimana Shassir yaranse kujana na bandi mu gihugu ca Tanzania I dar es salam mu mahiganwa ya CECAFA Kagame Cup kandi yari yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 20 bari kwerekeza mu gihugu ca Tanzania.

Biravugwa y’uko uyo mukinyi yaranse kujana na bandi bakinyi mu gihugu ca Dar es salam kandi yari yashizwe mu rutonde rw’abakinyi intandaro ya vyose n’umwumvikano muke yari afitaniye n’uwahoze ari Umumenyereza w’umugwi Rayon Sports umubirigi Yvan Minnaert amaze kwirukanwa.

Shassir Nahimana yatanguye kugiranira ikibazo n’uyo mumenyereza kuva mu rukino rwa CAF Champions League rwahuje Rayon Sports hamwe na Mamelody sundhouse aho uyo mukinyi yakuwe mu minota ya mbere y’igice ca mbere kuva ico gihe haciye haduka umwumvikano muke uyo mukinyi ntiyasubiye kuba akinishwa muri kino gihe akaba yibereye Ibujumbura bikavugwa y’uko yarahamagawe asubire mu mugwi aranka.

5,402 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment