Scroll to Top

#Urwevu| Succès| Menya uburyo butatu bw’ukwiha inkomezi n’icubahiro mu buntu bwawe.

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 03 Jul 2018 04:40 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Baza utunganye ibijanye na wewe nyene.

Abahinga babitohoje basanga ko , kugira ngo umuntu ashobore kugira imigenderanire myiza n’abandi , ategerezwa kibanza kugira imigenderanire myiza hagati yawe na we nyene( Umutima wiwe). Ukugira imigenderanire myiza hagati ya wewe na wewe rero bisaba ukubanza ukimenya uko umeza, ukamenya ingingo ngenderwako zawe( Tes principes) maze rero ukaheza ukarondera kubigendera.

Andika ibwirizwashingiro rikugenga.

Abahinga bahanura ko umuntu wese yari akwiye kuba afise ikintu kimeze nk’ibwirizwa shingiro ryiwe rimugenga maze gutyo rikaba ari ryo rigenga ibikorwa vyose akora. Niryo rimufasha kuza arahagarara yibaza ati “mbega bino nkoze birajanye n’ivyo nshaka?”Ivyo bizogufasha muri za nguvu runtu( integrité) z’ugushobora kuva uti ” oya” aha sindaharenga. Ni vyiza ko umuntu wese atambuka azi ibigenga ubuzima bwiwe, ivyo wenyene yiyemeje atazorenga, haba abantu bamubona canke batamubona.

Ubwo bushobozi bw’ugushobora kwishingira ingingo ngenderwako mu buzima ukongera ukiha kuzigendera bizogufasha kwiha agaciro kandi n’abantu bazokubona bazobona ko hari ico ufise badafise.

Iyibutse incuro nyishi iryo  bwirizwa nshingiro rikugenga.

Umaze rero kwandika iryo bwirizwa shingiro rikugenga, uzoheza wame uryiyibutsa incuro nyishi maze uze ushike aho rikunyengetera muri ka gatimatima ko mu bwonko bwawe ( subconscient) gutyo bihave bihindukire usange wahavuye ubigendera ata n’inguvu urinze gushiramwo.

Ivyo ukazobigira, bizoguha icubahiro. Hari ibintu vyinshi uzosanga wahakanye gukora ata n’inguvu ukoresheshe z’ukwididanya imitima. Za nyoshambi zikunda gukwegera umuntu mu bintu buca kabiri akicuza, zizoheza zigeregeze zisange harugaye! Nawe uzoheza utambuke wumva amaguru ari hasi, udakebaguzwa.

UBUNTU NYA BUNTU BWA MUNTU BUBONEKERA MU VYO ASHOBORA  GUKORA ATA N’UMWE AMUBONA.

4,740 total views, 0 views today

Add Comment