Scroll to Top

#Urwevu| Mariage| Ukwubaka si ukubika inda. Gabanya imyidogo nyabuna wubake!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 11 Jul 2018 06:44 AM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga barabigenderereje basanga neza na neza ngo burya ibitubako vyoze biba vyavuye muri twebwe nyene.( La loi d’attraction). Burya ngo umuntu wese rero akwega akwega yikwegerako kurya kw’isumaku! Abahinga bamenyesha ko umuntu wewe afise , mu buryo bw’impwemu akamoto; canke icuka kimuvamwo( Vibrations).

Izo vibrations rero nazo ziba zifatiye k’uko mu mutima wawe hameze. Ngo ziba zifatiye k’urusukirane rw’ibintu waciyemwo ,rwagutumye uba ubona ibintu uko ubibona bifatiye k’ukuntu wagiye uravyakira. Ukwo wagiye uravyakira rero niko kwahavuye kugutuma kugira isanamu y’inkumi canke umusore wewe ku bwawe ubona yoba ahuye n’ivyo wifuza.

Eka nyene, abahinga bashika kure mu buryo bw’impwemu baramenyesha ko burya atakiba gutyo gusa ataco gifatiyeko. Ugasanga kubana n’urya muntu, ntabwo vyaje nk’isanganya. Hariho imvo.

Ivyo rero turetse no mu mibano y’abubakanye, ngo biri mu buzima bwa misi yose. Yamara uno musi twashatse kugaruka ku Mibano mu rugo ubona ko , ariho rikunda kuyaga dufatiye ku bivurwa hirya no hino.

None rero, nimba wasanze ari gasusa ntumbabe canke nawe agasanga uri umugabo atagira kaguru karabeba, ivyo ntibiguce intege kandi na cane cane ntiwibaze ko wagowe ahubwo emera ko hari icatumye mubana maze abe arico urondera guhagararako. Nta nyambo itabura agahonzi. Nta vyera ngo de! Nta mwonga ubura isato iba idahizwe! Mpunge urwaha yakimajije amaguru; wirukana umugore ngo agira bino bwaca ukazana uwugira biriya( imvugo mbabarira matwi).

ABAHINGA BAMENYESHA KO UBURYO BWO NYENE BW’UGUHINDURA IBINTU ARI UKURONDERA UKWIHINDURA. N’UKUVUGA , UKURONDERA GUHINDURA UKO UBIBONA. NTA KINTU NA KIMWE KIDASHOBOKA GUHINDUKA MU KIRINGO WOHINDURA UKO UKIBONA.

VYOSE NI MUMUTWE!

9,824 total views, 0 views today

Add Comment