Scroll to Top

Umushingantahe Stanislas Nanswenamagara ntakiri mu bazima

By La Rédaction / Published on Wednesday, 04 Jul 2018 05:54 AM / /

Umushingantahe Stanislas Nanswenamagara bahora batazira Musozo aheruka kwitaba umuremyi inyuma y’aho akubitiwe n’abagizi ba nabi.

Stanislas Nanswenamagara akaba yari yababaye cane inyuma y’imisi ibiri yari iheze akubiswe n’abagizi ba nabi bakamusiga ari ikiruruma, akaba yitabiye Imana mu bitaro vyitiriwe umweranda Yozefu biri i Phoenix, Arizona muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Uwo muhisi akaba azoshinguranwa iteka ku musi wa gatandatu uza igenekerezo rya 7 Mukakaro mw’itongo ry’abapfuye ryitiriwe umusaraba mweranda (Holy Cross Cemetery) riri aho muri Arizona kw’ibarabara Thomas (9925 W. Thomas Rd, Avondale AZ 85392).

Inyuma y’ugushingura uwo muhisi, abazoba bitavye ivyo birori bazoheza baje gukarabira Urban League Manor, 4343 W. Thomas Rd. Phoenix, AZ 85035.

Nk’uko bisanzwe biri mu migenzo y’abarundi, abipfuza kugarukira ku muryango wasizwe n’uwo muhisi (ugizwe n’abuzukuru babiri yari yagiye ajanya aho muri Reta zunze ubumwe za Amerika umusi yimukirayo gushika ubu bari babeshejweho n’umushingantahe azwi kw’izina rya Deo Baransaka) ko yobasanga ku rugo rwabo ruri 7193 W. Lamar Rd. Glendale AZ 85303.

Nayo uwushaka kumenya vyinshi asabwa kwakura akoresheje agahamazo aba bakurikira : Candide : 602-599-3558, Georges : 602-570-6146, Jeanne : 602-540-6469, Jolie : 623 -313-0532, Shirley : 623-229-4685.

 

4,442 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment