Scroll to Top

CECAFA kagame Cup : Pierrot Kwizera yasubiye gufasha Rayon Sports kunganya na Ac ports

By La Rédaction / Published on Tuesday, 03 Jul 2018 09:07 AM / /

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Mukakaro igihe c’isaha umunani z’imuhingamo (14h00) mu masaha ya hano iwacu mu gihugu ca Tanzaniya niho haba urukino rwa kabiri rwa CECAFA Kagame cup rwahuza umugwi Rayon Sports wo mu Rwanda hamwe na Ac Ports yo muri Djibouti, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije igitsindo 1-1.

Pierrot Kwizera niwe yabanje gutsindira umugwi Rayon Sports igitsindo ku munota wa 45 igice ca mbere kirangira Rayon Sports iri kw’isonga y’igitsindo 1-0. Bagarutse mu gice ca kabiri umugwi wa Ac Ports wasatiriye gushika aho uronka amahirwe yo kuronka igitsindo ku munota wa 83 w’urukino biciye ku mukinyi wabo Mohdi Hussein birangira iyo migwi inganije igitsindo 1-1.

Ac Ports ikaba yaciye ikwiza amanota 4 mu nkino zibiri kuko urukino rwa mbere bari batsinze LLBS4A ibitsindo 2-1 Rayon Sports nayo ikaba yaciye ironka amanota abiri mu nkino zibiri kuko nabo mu rukino rwa mbere bari banganije na Gormahia igitsindo 1-1.

7,735 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment