Scroll to Top

Peter Van Merteen: Incuti idasanzwe ya Academie Intwari.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 04 Jul 2018 14:18 PM / /

 


Kuri uno wa kabiri w’igenekerezo rya 3 Mukakaro, niho umumenyereza ava mu gihugu c’Ubuholande, Peter Van Merteen, yasozera ibikorwa vyiwe yaramazemwo ikiringo kirenga indwi, ariko aramenyereza abana bakiri bato bo mw’ishure ry’umupira w’amaguru( Academie Intwari).

Peter Van Merteen akaba yarangije ibikorwa vyiwe ku ncuro igira gatatu, kuko kuva mu mwaka w’2014, yamye aza gufasha abo bakinyi.

Kubw’umushingamateka wo mu karere k’ubuseruko bwa Afrika ( EALA), Pierre Claver Rurakamvye batazira ABEGA, yatanguje iryo shure mu mwaka w’2008, yaramenyesheje ko bashimye cane igikorwa caranguwe n’uyo muhinga ava mu gihugu ca Hollande.

“Ribaye ubugira gatatu twakira uno muhinga Van Merteen, amaze kudufasha vyishi mu guteza imbere igisata c’ubuhinga muri  rino shure ryacu, ageze ku ntambwe ya gatatu ari nayo ikomeye y’ukwigisha bano bana ivyerekeye inyifato yabo muri kazoza mu mupira w’amaguru. ”

Mw’ijambo yafashe Peter Van Merteen, yamenyesheje ko ashima cane akigoro gakorwa n’umushingamatega Abega, mu kwegeranya abana bakiri bato, akabigisha umupira, yongera yishimira intambwe abana yatanguye kumenyereza kuva mu mwaka w’2014 bagezeko.

Barangije bamenyesha ko umugwi wo mu gihugu c’Ubufaransa wa Rennes ugiye kurungika umuhinga wabo mu kwezi kwa Kigarama k’uno mwaka, hamwe n’ uko ishure ry’umupira w’amaguru Intwari, rigiye kugira urugendo mu gihugu ca Hollande.

7,282 total views, 0 views today

Categories : homepage

Add Comment