Scroll to Top

CECAFA Kagame Cup| Umugwi LLBS4A wanganije na Gormahia

By Janvier Nzokurigomba / Published on Tuesday, 03 Jul 2018 19:23 PM / /

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Mukakaro isaha icenda (15h00) mu gisagara ca Dar es salam aho umugwi LLBS4A wakina urukino rwabo rwa kabiri rwa CECAFA Kagame Cup n’umugwi wa Gomahia wo muri Kenya usanzwe ukinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba Nizigiyimana Karim Makenz naho atakinye urwo rukino bivanye n’imvune yaronse umwaka uheze.

Urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi LLBS4A unganije na Gormahia ibitsindo 2-2.

Mu mugwi wa LLBS4A, abakinyi bashoboye gutsinda ibitsindo muri urwo rukino akaba ari Alexis Kitenge yahoze akina mu mugwi Athletico olympic na Ac Leopard yo muri Kenya hamwe n’umukinyi mushasha w’umuganda yitwa Wagaluka Dan.

LLBS4A ikaba isigaje urukino rumwe n’umugwi Rayons Sports wo mu gihugu c’Urwanda ari nawo wabasezereye mu nkino z’igikombe ca CAF Champions League .

Umugwi Ac Ports ukaba ariwo uri kw’isonga n’amanota 4 mu gihe umugwi wa kabiri Rayon Sports nawo ufise amanota 2 co kimwe na Gormahia wo mu gihugu ca Kenya nayo uwa nyuma ukana ari LLBS4 ufise inota rimwe rudende.

4,595 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment