Scroll to Top

Intandaro y’iyirukanwa ry’uwahora acunga Diamond Platinumz

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 04 Jul 2018 04:59 AM / /

 Umurinzi wa Diamond Platinumz, Mwarabu the fighter, yarahagaritswe ku kazi kiwe ko gucunga umutekano wa Diamond.

Intandaro ngo kwoba ari uko mwarabu yoba yidogera shebuja ko atamufata neza. Uwo akaba ngo yoba yabubwiye umusahirizi, Manager, wa rayvan nawe akabibwira Diamond.

Kuva ivy’ugufatwa nabi kwiwe bimenyekanye ngo yoba yaciye ahabwa akaruhuko atamenye igihe kazomara nkuko amakuru dukesha Nairobie News abishikiriza.

Ivy’ukwirukanwa kwiwe bikaba bimenyekanye inyuma yaho uwo musore yubatse umubiri bihagije, agiriye isanganya akajanwa mu bitaro I Dars es sallam ahitwa Muhimbiri Hospital.

Kuva yinjizwa ibitaro, Wasafi ngo ntiyigeze imushikako, eka ngo si n’ukumushikako gusa, nta n’ikingorongoro c’10 yahawe n’uwo murwi ngo agire ico yifashije muri ubwo bubabare arimwo.

3,824 total views, 0 views today

Add Comment