Scroll to Top

Mavugo mu nzira yo kuja muri Afrika y’Epfo muri Baroka FC.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 04 Jul 2018 14:47 PM / /

Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu gisagara ca Dar es Salam, aramenyesha ko Mavugo Laudit ariko aragiranira ibiganiro n’umugwi wa Baroka FC wo mw’ihiganwa rya Premier Soccer League muri Afrika y’Epfo.

Ikinyamakuru ca Salehjembeblogspot.com, kiremeza kibicishije k ‘umwe mu barongozi ba Baroka FC, ko ibiganiro bigeze kure n’uyo musore yahoze mu mugwi wa Vital’o FC.

Mavugo Laudit yashitse muri Simba Sports Club mu mwaka w’2016, akaba agiye kurangiza ayo masezerano muri kuno kwezi kwa Mukakaro. Mu gihe, yoronka amasezerano muri uyo mugwi, yoba ahambije uyundi murundi, aherutse gushika muri Baroka FC, Hussein Shabani Tchabalala.

3,601 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment