Scroll to Top

#Burundi | Impunzi z’abarundi 48 zaraye zitahutse mu gihugu c’amavukiro

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 05 Jul 2018 00:25 AM / /
Abarundi 48 bari bahungiye muri Kenya ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura,igenekerezo rya 5 Mukakaro

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Mukakaro ku mu goroba niho imiryango 10 y’impunzi z’abarundi bahora mu gihugu ca Kenya bashikanwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura n’indege yarishwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Nkuko vyemezwa na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano abantu 40 bagizwe n’imiryango 10 bahora mw’ikambi y’impunzi y’i Kakuma muri Kenya bose banduruka mu ntara ya Kirundo bagishitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura bakiriwe n’abategetsi batandukanye harimwo umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Terensiyo Ntahiraja hamwe n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe HRC mu Burundi.

Izo mpunzi zaraye zitashe iwabo zaherekejwe na Rémy Barampama asezrukira Uburundi muri Kenya.

Bene guhunguka ahanini bagizwe n’abantu bakiri bato baciye bajanwa mu Kajaga imbere yuko bashikanwa aho baturuka mu ntara ya Kirundo.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Terensiyo Ntahiraja yamenyesheje ko n’abandi bari inyuma kuko bamaze gusaba guhungurwa yongerako ko igituma bahunguwe hakoreshejwe ingede ari ukubera ikirere kirekire kiri hagati y’Uburundi na Kenya.

 

3,346 total views, 0 views today

Add Comment