Scroll to Top

#Indundi Sports | Imyimenyerezo itangwa na Sport for life kazoza academie yasubiye gutangura

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 05 Jul 2018 06:28 AM / /

Imyimyerezo isanzwe y’umukino wa Basketball ikorwa na Sport dor life kazoza academie, igakorwa mu karuhuko k’igice ca gatatu c’amashure yasubiriye gutangura, ikaba iriko ibera ku kibuga c’umupira w’amaguru ca Parquet.

Buri gihe mu karuhuko k’igice ca gatatu c’amashure, Sport for life kazoza academie isanzwe itunganya imyimenyerezo y’igihe kirekire y’umupira wa maboko wa Basket ball y’abana bafise imyaka iri hagati y’3 na 16. Mu karuhuko k’uno mwaka, iyo myimenyerezi yatanguye igenekerezo rya 2 mukakaro.

Iyo myimenyerezo iriko ibera ku kibuga ca Parquet ikaba isanzwe itangura igihe c’isaha zibiri z’igitondo gushika isaha zitandatu z’umutaga (8h-12h).

Mwomenya ko ico gikorwa catangujwe n’abamenyereza 2 b’uwo mukino w’amaboko wa Basketball, aribo Patrick Richard hamwe na Claude Kantore, gisanzwe kidakorwa mu karuhuko gusa, kuko ku musi wa gatanu ku mugoroba no ku musi wa gatandatu mu gitondo gisanzwe kiba.

1,723 total views, 0 views today

Add Comment