Scroll to Top

Sauti Sol bagiye kugaruka guteramisha abakunzi babo i Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 05 Jul 2018 07:48 AM / /

Inyuma y’amezi ashika kw’10 gusa, umurwi Sauti sol usubiye kugaruka aha iwacu guteramisha abakunzi bawo m ruhererekane Melanin World Tour.

Mu gihe baheruka ngaha iwacu mu kwezi kw’9 mu mwaka wa  2017, umurwi Sauti sol uheruka kumenyesha ko ugiye kugaruka aha iwacu muri uku kwezi kw’8.

Uwo murwi ugizwe n’abanyakenya ukaba ugiye kuzokora ibiteramo 2, kimwe bakazogikorera kuri jardin Publique igenekerezo rya 3/8, ikindi kw’ishure EFI Nyakabiga igenekerezo rya 5/8.

Ivyo biteramo bizoba bibiri bikaba biri mu ruhererekane rw’ibiteramo bariko barakora bitiriye Melanin World Tour. Ukwinjira kuri Jardin Publique akazoba ari 150.000 hamwe n’200.000, nayo kuri EFI Nyakabiga akazoba ari  3.000 hamwe n’5.000.

Mukibuka ko aho uwo murwi uheruka aha iwacu wakoze ibikorinka mu guteramisha abari kuri Tempete aho bakoreye ico giteramo.

3,104 total views, 0 views today

Add Comment