Scroll to Top

Ugusomana kwa Jum Jux na Vanessa Mdee kwateje uruhagarara muri Tanzania

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 05 Jul 2018 08:44 AM / /

Igisata kijejwe kugenzura abanyabuhinga n’ubumenyi muri Tanzania kiriko kirabira hagufi ivy’amashusho yafashwe Juma Jux na Vanessa Mdee basomanira kuri Podium.

Abaririmvyi Juma Jux na Vanessa Mdee bari mu yabira kubara amashusho yabo yakwiragiye hirya no hino bariko barasomanira kuri Podium.

Ayo mashusho yafashwe aho bari mu giteramo, igisata kijejwe kugenzura abanyabuhinga kivuga ko kigiye kubikurikirana kuko bitabereye kuba abantu bifata uko bari mu bantu, ngo ivyo nivyo mu kindi kibanza.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Diamond nawe nyene yaheruka gucishwa imbere y’ico gisata kubera amashusho yacishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram .

4,001 total views, 0 views today

Add Comment